Wednesday, June 14, 2017

Aspirin si nziza ku bantu bakuze

Abantu bafise imyaka irenga 75, bafata ibinini vya Aspirin bamaze kugira ingwara y'umutima arashobora kugira ingorane yo kuva amaraso mu nda, nk'uko bivugwa n'ikigo ca Lancet kigira ubushakashatsi. Abashakashatsi bavuga ko, mu kugabanya izo ngorane, abantu bafise imyaka myinshi bategerezwa kunywa umuti ukinga ingwara zo mu nda(PPI). Ariko bavuze bashimitse ko Aspirin ifise akamaro kanini nko gukinga ingwara y'umutima. Ubwo bushakashatsi bwo mu Bwongereza buvuga ko kumira ibinini vya Aspirin bifise ingaruka mbi gusumba uko vyahora vyibazwa, na cane cane ku bantu bafise imyaka myinshi.

Uwo muti ukoreshwa cane mu kuvura ingwara y'ivumbuka ry'umurindi w'amaraso, kenshi bivugwa ko utera ingorane yo kuva amaraso mu nda. Abo bashakashatsi baragabisha ko uguhagarika bukwi na bukwi gufata umuti wa Aspirin bishobora gutera izindi ngorane, bagahanura rero ko buri muntu akwiye kwegera muganga igihe ashaka guhindura umuti.

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment