Abantu bafise imyaka irenga 75, bafata ibinini vya Aspirin bamaze kugira ingwara y'umutima arashobora kugira ingorane yo kuva amaraso mu nda, nk'uko bivugwa n'ikigo ca Lancet kigira ubushakashatsi. Abashakashatsi bavuga ko, mu kugabanya izo ngorane, abantu bafise imyaka myinshi bategerezwa kunywa umuti ukinga ingwara zo mu nda(PPI). Ariko bavuze bashimitse ko Aspirin ifise akamaro kanini nko gukinga ingwara y'umutima. Ubwo bushakashatsi bwo mu Bwongereza buvuga ko kumira ibinini vya Aspirin bifise ingaruka mbi gusumba uko vyahora vyibazwa, na cane cane ku bantu bafise imyaka myinshi.
Wednesday, June 14, 2017
Aspirin si nziza ku bantu bakuze
Subscribe to:
Post Comments (Atom)
0 comments:
Post a Comment