Thursday, March 20, 2014

Australia yabonye ibisa n'ibisigazwa by'Indege ya Maleziya Yaburiwe irengero MH370

Australia_Maleziya_indege
Australia yabonye ibisa n'ibisigazwa by'Indege ya Maleziya Yaburiwe irengero MH370
Amato n'indege zo muri Australia, Nouvelle Zelande na Leta zunze Ubumwe za Amerika, zirimo zerkeza mu gice cya km 2,500 ujya mu mahyepfo ya Perth.

Muri ako gace habonetse ibisa n'ibihimba baketse ko ari iby'indege ya Maleziya yazimiye.

Ikinini mur'ibyo bakeka ko kingana na metero 24 , nk'uko bitangazwa n'ábategetsi bashinzwe iby'umutekano wo mu mazi, Australian Maritime Safety Autority (AMSA).

Ariko abo bategetsi bakongeraho ko ibyo bice bishobora no kuba ntacyo bipfana n'iyo ndege yazimiye.

Indege ya Maleziya MH370 yazimiye ubwo yariko yerekezaga i Peking mu Bushinwa, ivuye i Kuala Lumpur ku itariki umunani z'uku kwezi , ubwo yaburirwaga irengero, irimwo abantu 239.

Ibihugu bigera ku 26 birimo birafatanya ngo bishakishe iyo ndege.

Indege ya Maleziya MH370 yazimiye ubwo yariko yerekezaga i Peking

Related Posts by Categories



0 comments:

Post a Comment