![]() |
Australia yabonye ibisa n'ibisigazwa by'Indege ya Maleziya Yaburiwe irengero MH370 |
Muri ako gace habonetse ibisa n'ibihimba baketse ko ari iby'indege ya Maleziya yazimiye.
Ikinini mur'ibyo bakeka ko kingana na metero 24 , nk'uko bitangazwa n'ábategetsi bashinzwe iby'umutekano wo mu mazi, Australian Maritime Safety Autority (AMSA).
Ariko abo bategetsi bakongeraho ko ibyo bice bishobora no kuba ntacyo bipfana n'iyo ndege yazimiye.
Indege ya Maleziya MH370 yazimiye ubwo yariko yerekezaga i Peking mu Bushinwa, ivuye i Kuala Lumpur ku itariki umunani z'uku kwezi , ubwo yaburirwaga irengero, irimwo abantu 239.
Ibihugu bigera ku 26 birimo birafatanya ngo bishakishe iyo ndege.
0 comments:
Post a Comment